IBARA: KAGAME ARIKO ARIHORA UBURUNDI KU MPUNZI

Theos Badege, umukuru w’abapolisi bagira iperereza

Umukuru w’abapolisi bajejwe iperereza ACP Theos Badege, yabwiye ikinyamakuru IZUBA c’i Rwanda  ko hari abarundi batazwi igitigiri, ni ukuvuga benshi, bapfungiwe mu Rwanda kuko ngo boba barasambanije abana. Abandi ngo bakabahora ko boba baranyoye ibiyayura umutwe, navyo bikavurwa ko boba babikuye muri Tanzaniya. Kandi ngo izo mpunzi zarateye umudugararo mu banyagihugu bari mu mu micungararo y’ikambi y’impunzi y’i Mahama, irimwo abarundi ibihumbi 44. Umukuru w’ibiro vya ONU biraba impunzi, Azam, yabwiye ababa mw’ikambi y’i Mahama ko batarekuriwe guca ku mategeko, canke  gutukisha ikambi, kuko bizogira ingaruka ku bazoza gusaba icumbi hanyuma. Ministri Séraphine Mukantabana, ashinzwe ivy’impunzi, nawe yongeyeko ko impunzi zitegerezwa kwirinda ibintu vyose bitajanye n’amahoro, nko kuja mu myimenyerezo ya gisirikare  ifise intumbero yo gutembagaza Prezida Nkurunziza.

Ntawuzi ko atari ka « kenge » ko kwihora Uburundi kuko bwapfunze abanyarwanda bariko baradurumbanya i Bujumbura; canke ko abo bapfunzwe atari ya misore n’inkumi  bamaze igihe biga igisoda ngo baze batere Uburundi, none Kagame agomba kubanyegeza kuko intumwa za CIRGL zigira zije kubasuzuma.

Uko biri kwose, abenshi buhuwe n’ibihuha biva i Rwanda nyene ngo hari ihonyabwoko ririko rirategurwa; none raba bahungiye imvura mu muvo, baavuye ku burobe none bahereje mu buroko. Twizere ko bazobarekura, bagashobora gusubira iwabo. Uburundi bwabavyaye burabarindiriye.

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *